Abadandaza bamenyesheje umwimbu wabo ku gihe baronkejwe udushimwe

Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi mu Burundi OBR (Office Burundais des Recettes) catanze udushimwe ku murwi w’abatangakori batoyi bakarorero bamenyesheje umwimbu wabo ku gihe bongera batanga ikori ku gihe aho baronkejwe amapikipiki yo mu bwoko bwa Honda.

Komiseri mukuru w’ikigo OBR Audace NIYONZIMA yamenyesheje ko ubwo bushime babutanze mu ntumbero yo gutera intege abo batangakori vyongere bibere akarorero abandi batangakori kuzoza baramenyesha umwibu w’ibidandazwa vyabo hamwe no gutanga ikori ku gihe.

Audace NIYONZIMA yavuze ko mu gutunganya ico gikorwa bashatse kwerekana ko reta idashinzwe gusa no gutoza ikori ariko ashinzwe nuko umutangakori atera imbere kandi ko uwutanze ikori bidatuma asubira inyuma ariko atera imbere.

Bamwe mu baronkejwe utwo dushimwe bavuga ko bashimiye cane ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR hamwe n’abakozi baco kuko iyo ntambwe batari kuyishikako batafashijwe n’abakozi b’ico kigo.

Igenekerezo ntarengwa ryo kumenyesha umwimbu hamwe no gutanga ikori ari 31 ukwezi kwa Ntwarante buri mwaka.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!