Abakomiseri 13 b’umurwi CVR barahiye murayo mabanga

Abakomiseri 13 bashasha bagize umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi CVR (Commission Verite et Reconciliation) barahiye murayo mabanga kuruno wa mbere igenekerezo rya 3 Kigarama 2018 imbere y’umukuru w’igihugu n’imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi.

Murivyo birori vyo kurahira murayo mabanga,batarika ukuboko kw’iburyo hejuru,ukuboko kw’ibubamfu gufashe ibendera ry’igihugu c’Uburundi hamwe n’ibendera ry’ubumwe bw’abarundi mu majambo bavuga bakaba bashikiriza ko bazorangura neza amabanga yabo.

Abo 13 bagize uyo murwi CVRbagizwe n’abahutu 7,abatutsi 5 hamwe n’umutwa 1 akaba ari Pierre Claver NDAYICARIYE yahora arongoye umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI ,Clement Noe NINZIZA ,Lea Pasacasie NZIGAMASABO,Aloys BATUNGWANAYO,Deo HAKIZIMANA,Ramadhan KARENGA,Elie NAHIMANA,Pascal NIYONKURU,Leonce NGABO,Alice NIJIMBERE,Denise SINDOKOTSE ,Deogratias NDIKUMANA hamwe na BIGIRIMANA Goreth.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!