Algerie : Umukuru w’igihugu Abdelaziz Bouteflika yamenyesheje ko yahevye kwitoza mu kiringo ca 5

Umukuru w’igihugu ca Algerie Abdelaziz Bouteflika yamenyesheje ko yahevye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu kiringo ca gatanu kandi amatora yungurujwe ku rindi sango.

BBC ivuga ko mw’itangazo uwo mukuru w’igihugu yasohoye , Abdelaziz Bouteflika yavuze ko ata kiringo ca gatanu kizohaba kuko yihweje amagara yiwe hamwe n’imyaka afise, igikorwa ciwe ca nyuma ku banyagihugu kwabaye ugutanga intererano kugira bubake igihugu gishasha.

Ingingo yuwo mukuru yo gusubira kwitoza ngo arongore ico gihugu yatumye haba imyiyerekano itandukanye mu gihugu cose gushika naho abacamanza barenga 1000 bamenyesheje ko batazocungera ayo matora mu gihe Abdelaziz Bouteflika yotangazwa ko azokwitoza.

Ayo makuru avuga kandi ko umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu Ahmed Ouyahia yamenyesheje ko atanze imihoho, ubwo nyene aca asubirirwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Noureddine Bedoui aho yaciye ahabwa igikorwa co gushinga Reta nshasha.

Umukuru w’igihugu Abdelaziz Bouteflika yatanguye gutwara igihugu ca Algerie kuva mu mwaka w’i 1999 ubu akaba yaramaze imyaka 20 k’ubutegetsi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!