BRARUDI yadugijwe ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe vyaryo

Ishirahamwe rijejwe guhingura ibinyobwa BRARUDI ryadugije ibiciro vy’ibinyobwa bimwe bimwe vyaryo murivyo hakaba harimwo ikinyobwa ca Nyongera,Amstel ndende,Amstel Bock hamwe n’ikinyobwa ca Royal.

Ikinyobwa ca NYONGERA casizwe ku mafaraga 1100 vy’amafaranga y’amarundi mu gihe cahora kigurwa amafaranga y’amarundi 1000 ,ikinyobwa ca Amstel benshi bita ndende igiye kugurishwa amafaranga y’amarundi 1900 mu gihe yahora kumafaranga 1800 .

Ikinyobwa ca Amstel Bock cahora kigurishwa amafaranga y’amarundi 1200 ubu igiye kugurishwa amafaranga y’amarundi 1300,ikinyobwa ca Amstel Royal cahora kigurishwa amafaranga y’amarundi 1200 ubu igiye kugurishwa amafaranga y’amarundi 2200.

Ishirahamwe BRARUDI rivuga ko ibinyobwa bitavuzwe murivyo vyadugijwe igiciro biguma bigurwa amafranga vyahorako.

Bitegekanijwe ko iyo ngingo y’ivyo binyobwa vyadugijwe igiciro itangura kuja mu ngiro kuruno musi wa kabiri kw’igenekerezo rya 29 Nzero umwaka wa 2019.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!