Bamwe mu badandaza bavuga ko ata baguzi baboneka kandi imisi mikuru yegereje

Bamwe mu bandandariza mu gisagara ca Bujumbura bamenyeshako murino misi hegereje imisi mikuru ya Noweri hamwe n’umwaka mushasha ata baguzi baboneka bagura ibintu bitandukanye mu ntumbero yo kwitegurira iyo misi mikuru ugereranije no mu myaka yahera.

Gilbert NKUNDIMANA adandaza impunzu mu kibanza citwa « Village Market » yabwiye ikinyamakuru NAWE ko kuva k’umusi wa mbere gushika kuruyu wa kane igenekerezo rya 20 Kigarama 2018 ata bantu bakuze arabona bagura ibintu bitandukanye mu kwitegurira imisi mikuru yimirije ariko na bake baboneka bagura bike vy’abana.

Gilbert NKUNDIMANA avuga ko mu myaka y’imbere ya 2015 himirije imisi mikuru nkiyo abantu bacanako mu kugura ibintu bitandukanye uruja n’uruza rukaba rwinshi ariko ubu kubera ubukene buriho ata murindi w’abantu uboneka.

Gilbert NKUNDIMANA yavuze ati : « Imbere ya 2015 abantu baracanako bikerekana kw’imisi mikuru yegereje,ubu nta bantu bakuze bakigura ibintu ,ubu hari ubukene abantu bose bararira kuva ku musi wa mbere gushika uno musi nta mafaranga ndinziza ariko kera imisi nkiyi yegereje twarinziza gose. »

Kubwa Esperance NIHORERO adandariza murico kibanza nyene yavuze ko kera mu myaka iheze mu misi mikuru ariho bahombokera bagaca amafaranga menshi ariko ubu ataco baronka.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!