Burkina Faso : Abantu 10 bishwe mu gitero

Abantu 10 nibo bishwe n’abantu bitwaje ibigwanisho mu buraruko bw’igihugu ca Burkina Faso mu gace kitwa Sikire gahana urubibe n’igihugu ca Mali.

BBC ivuga ko murico gice cagabweko igitero ca gisirikare amazu y’ubudandarizo hamwe n’ibindi bidandazwa biharagwa vyose vyibwe ibindi navyo biraturirwa.

Naho abagabwe ico gitero bataramenyekana ,abenshi bibaza ko coba cagabwe n’abagwanyi biyitirira idini rya Kisiramu zikunda kudurumbanya umutekano murivyo bice.

Mu ntango z’uyu mwaka wa 2019,umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe n’umushikiranganji w’umutekano murico gihugu ca Burkina Faso barakuwe mu mabanga yabo inyuma y’igitero cagabwe mu buraruko bw’ico gihugu.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!