CAF : Abakinyi bazohiganirwa agashimwe ka Aiteo CAF Awards bashizwe ahabona

Ishirahamwe ryo k’umugabane wa Afrika rijejwe umupira w’amaguru,CAF ryashize ahabona urutonde rw’abakinyi 3 bagiye guhiganirwa agashimwe kitiriwe Aiteo CAF Awards umwaka wa 2018 umwe mubazohiganirwa ubwo bushimwe akaba ari Sadio Mané akinira umurwi wa Liverpool asanzwe avuka mu gihugu ca Sénégal.

Abandi bari mubazohiganirwa ako gashimwe ni Mohamed Salah akinira umurwi wa Liverpool akaba avuka mu gihugu ca Misiri) hamwe na Pierre-Emerick akinira umurwi wa Arsenal akaba aturuka mu gihugu ca Gabon.

Abamaze gutahukana ako gashimwa ku ncuro 5 bikwirikiranya hariho Michael Essien wo mu gihugu ca Ghana akaba yagatwaye kuva mu mwaka wa 2005 gushika mu mwaka wa 2009 naho Yaya Touré Nyenyeri wo mu gihugu ca Côté d’Ivoire agitwara incuro 5 nawe nyene yikurikiranya kuva mu mwaka wa 2011 gishika mu mwaka wa 2015.

Bitegekanijwe ko ako gashimwe k’uyu mwaka wa 2018 kiritiwe Aiteo CAF Awards kazotangwa kw’igenekerezo rya 8 Nzero umwaka wa 2019 i Dakar mu gihugu ca Sénégal.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!