CAN U20 : Uburundi bwasezeye ihiganwa inyuma yo gutsindwa

Umurwi w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 waraye usezeye ihiganwa ry’igikombe ca Afrika congera gitakaza amahirwe yo kuja mu gikombe c’isi yose cabatarenza imyaka 20 inyuma yo gutsindwa ku musi w’ejo n’igihugu ca Afrika y’Epfo igitsindo kimwe k’ubusa.

Igitsindo c’igihugu ca Afrika y’Epfo catumye igihugu c’Uburundi gisezera ihiganwa cinjiye ku munota w’umunani w’igice ca mbere c’urukino hatewe penariti,urukino rwose rurinda ruhera vyifashe uko nyene.

Mu gice ca kabiri c’urukino,igihugu c’Uburundi caragerageje gusatira bimwe bikomeye kirondera kugombora hamwe n’intsinzi naho caronse amahirwe atari make yo kwinjiza vyaranse ko baronka igitego urukino rurinda ruhera bafise ubusa ku gitsindo kimwe ca Afrika y’Epfo.

Uburundi busezeye iryo higanwa bufise inota rimwe hamwe n’ikibanza ca nyuma mu murwi bwarimwo mu gihe igihugu ca Niger kiri muruyo murwi nyene akaba ari naco catunganije izo nkino naco nyene casezeye iryo higanwa inyuma yo kunganya n’igihugu ca Nijeriya.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro