CAN U20 : Umuhagarikizi w’umurindi Pacifique Ndabihawenimana yatowe mu bazohagarikira inkino

Umuhagarikizi w’umurundi Pacifique Ndabihawenimana yatowe n’ishirahamwe rijejwe umupira ku mugabane wa Afrika kugira azoje mu bahagarikizi mu gikombe gihuza imirwi yo ku mugabane wa Afrika y’abatarenza imyaka 20 kizobera muri Niger mu kwezi kwa Ruhuhuma 2019.

Abahagarikizi bo hagati mu kibuga batowe ni 12,Antoine Max Depadoux Affa wo mu gihugu ca Cameroun,Souleiman Ahmed Djama ava mu gihugu ca Djibouti,Amin Mohamed Amin Mohamed wo mu gihugu ca Misiri,Peter Waweru ava mu gihugu ca Kenya,Boubou Traore wo mu gihugu ca Mali.

Abandi bahagarikizi bo hagati mu gihugu ni Heeralall Ahmad Imtehaz wo mu gihugu ca Mauritanie,Moussa Ali Mohamed ava mu gihugu ca Niger,Jean Claude ISHIMWE wo mu gihugu c’Urwanda,Hassan Mohammed Hagi ava muri Somariya,Ntale Kokou Ognankotan wo mu gihugu ca Togo hamwe na Haythem Guirat ava mu gihugu ca Tuniziya ,bose bakazofashwa abahagarikizi bo k’uruhande bangana 12.

Umurwi wa mbere w’iryo higanwa ugizwe n’ibihugu vya Niger, Afrika y’Epfo, Nigeria hamwe n’Uburundi mu gihe umurwi wa kabiri ugizwe n’ibihugu vya Sénégal, Mali, Burkina Faso hamwe n’igihugu ca Ghana.

Bitegekanijwe ko izo nkino zizotangura kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019 zirangire kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2019.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!