CAN U20:Urukino ruhuza Uburundi na Nigeria ruritezwe

Urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 ruritezwe hariya mu gihugu ca Niger aho uja gutana mu mitwe n’igihugu ca Nigeria kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019 mu nkino z’igikombe co kumugabane wa Afrika w’abatarenza imyaka 20.

Urwo rukino ruza kuba mu gihe c’isaha z’ibiri n’inusu z’ijoro y’amasaha yo mu gisagara ca Bujumbura, bitegekanijwe ko imirwi ya Afrika y’Epfo hamwe n’umurwi nserukiragihugu wa Niger isanwe iri mu murwi umwe n’Uburundi izoba iriko iratana mu mitwe nayo nyene murayo masaha nyene.

Umumenyereza w’intamba mu rugamba zitarenza imyaka 20 Joslin BIPFUBUSA, yatwaye abakinyi 21 bazoserukira igihugu c’Uburundi murizo nkino ,bamwe muribo akaba ari RUKUNDO Onésime wo muri Messager Ngozi, KITENGE Ally Tonton akinira umurwi wa Buja City, NDIZEYE Aimé Fales w’umurwi Aigle noir,SELEMANI Moustafa wo muri Aigle noir,NDORIYOBIJA Eric akinira Stand Utd,,NAHIMANA Steve wo muri Kayanza UTD,NDAYE Chancel akinira Rukinzo Fc,BIGIRIMANA Ramadhan akinira Stand Utd,MURYANGO Mabano Shabani akinira Aigle noir,EZA Armel akinira Kayanza UTD.

Abandi bari mubo yatwaye ni NSHIMIRIMANA Jospin wo muri Aigle noir,MBIRIZI Eric akiniraStand UTD, RAMADHAN Pascal wo muri Musongati Fc ,KANAKIMANA Bienvenu wo muri Aigle noir,MAVUGO Cédric akinira Aigle noir,ULIMWENGU Jules akinira umurwi wa Sunrise, IRAKOZE Saidi wo muri Musongati Fc,RUKUNDO Therenceakinira KAYANZA UTD,MOHAMED Amissi akinira Nac Breda,HAKIZIMANA Héritier akimira Aigle Noir hamwe n’umukinyi BARANDONDERA Abdoul Karim akinira umurwi wa Flambeau du Centre.

Uwundi murwi wa kabiri ugizwe n’ibihugu vya Sénégal, Mali, Burkina Faso hamwe n’igihugu ca Ghana.

Ibaye incuro ya kabiri igihugu c’Uburundi citavye inkino z’igikombe za Afrika z’abatarenza imyaka 20 inyuma yo mu mwaka w’i 1995 aho Uburundi bwagarukiye mu gice ca nyuma butsinzwe n’igihugu ca Cameroun.

Bitegekanijwe ko izo nkino zitangura kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2019 zikazorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2019.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!