CAN U20 :Woba uzi amafaranga FFB yemereye umukinyi umwumwe niyo bashikana Uburundi mu gice ca kabiri gishira icanyuma ?

Urwego nshingwabikora vy’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yemereye gutanga ibahasha ingana n’umuriyoni kumukinyi umwe umwe w’umurwi nserukiragihugu wabadashikana imyaka 20 mu gihe boshikana igihugu mu gice ca kabiri gishira icanyuma batsinze urukino ruza kubahuza n’igihugu ca Afrika y’Efo muri za nkino z’igikombe co kumugabane wa Afrika w’abadashikana imyaka 20.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) abicishije k’urubuga rwiwe rwa twitteur,umukenguzamateka Reverien NDIKURIYO yavuze ko buri mukinyi yemerewe amafaranga angana n’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi bashikanye intamba mu rugamba mu gice ca kabiri gishira icanyuma.

Kugira Uburundi bugire amahirwe yo kubandanya igice ca kabiri gishira icanyuma,butegerezwa gutsinda urukino rw’uno musi ruja kugihuza n’umurwi nserukiragihugu wa Afrika y’Epfo igihe c’isaha cumi n’inusu z’umuhingamo ,Niger nayo ibone gutsindwa canke inganye n’igihugu ca Nijeriya.

Umurwi Uburundi burimwo igihugu ca Nijeriya nico kiza mu kibanza ca mbere n’amanota 4,igihugu ca Niger na Afrika y’Epfo binganya amanota 2 mu gihe Uburundi nabwo buza ubwa nyuma n’inota 1.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!