CAN U23 : Intamba mu rugamba zaronse uburenganzira bwo kubandanya kurondera itike rya CAN U23

Inyuma y’urukino rwahuje Uburundi n’igihugu ca Tanzaniya ku musi w’ejo,umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba z’abatarenza imyaka 23 zaraye zironse uburenganzira bwo kubandanya inkino mu ntumbero yo kurondera itike ryo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu vy’abatarenza imyaka 23 vyo ku mugabane wa Afrika rizobera mu gihugu ca Misiri mu mwaka uza wa 2019.

Mu rurwo rukino rwabereye i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya ,Tanzaniya yatsinze Uburundi ibitsindo 3 kuri 1 c’Uburundi bituma biha uburenganzira Uburundi kubandanya izo nkino igihugu ca Tanzaniya naco kirazisezera kuko mu rukino rwabereye i Bujumbura ,Uburundi bwari bwatsinze ibitsindo 2 k’ubusa bw’igihugu ca Tanzaniya.

Muri urwo rukino rwabereye i Dar Es Salaam, igitsindo ca mbere ca Tanzaniya cinjijwe n’umukinyi Kyombo ku munota wa 4,ica kabiri cinjizwa na Yusuf ku munota wa 43 ica gatatu naco cinjizwa na Kshimbwa ku munota wa 70 mu gihe igitsindo cahaye uburenganzira Uburundi bwo kubandanya izo nkino zo gukuranakuramwo cinjiye umwanya utegekanywa mu rukino ugombe uhere ku munota wa 89 cinjijwe n’umukinyi Mavugo Cedrick.

Bitegekanijwe ko Uburundi burindira kugira uko ibihugu bigiye guhura mu ntambwe ikwirikira ishirwe ahabona


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • NDUWIMANA
    2018-11-28 01:06:38

    NDIPFURIJE INTAMBA ITSINZI