Croix Rouge yaronkejwe imfashanyo n’ubuserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi

Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu gihugu c’uBurundi bwaronkejwe ishirahamwe ritabara imbabare « Croix Rouge » imfashanyo y’ibintu bitandukanye biciye agaciro k’amafaranga arenga imiriyoni 18 y’amafaranga y’amarundi igenewe impunzi zo mu Burundi,abahunguka hamwe n’abandi bantu batishoboye.

Umukuru w’ishirahamwe Croix Rouge mu Burundi,Pamphile KANTABAZE yamenyesheje ko imfashanyo baronkejwe igizwe n’umuceri,amavuta,isima,ifu,ibikoresho bifasha mu kubaka hamwe n’ibikoresho bigenewe abanyeshure.

Pamphile KANTABAZE yavuze ko ubu ico bagiye gukora ari ugutunganya urutonde rw’abantu bagiye kuronswa iyo mfashanyo yatanzwe.

Uwaserukiye ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi,Thu FIAHUI yavuze ko iyo mfashanyo bayitanze mu ntumbero yo gufasha ba ntahonikora batandukaye

Thu FIAHUI yavuze ko igikwiye atari gusangira gusa ivyama vy’iterambere ariko n’ugusangira umuzigo wikorewe n’abatishoboye bikenewe arico gituma akamaro k’iyo mfashanyo batanze aruko yofasha abafise amikoro make na cane cane ku mpunzi hamwe n’abandi bakeneye imfashanyo nkiyo.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!