Denise NKURUNZIZA yatanguje Inama y’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya Afrika

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yatanguje kuruno wa kane igenekerezo rya 25 Gitugutu 2018 inama y’ishirahamwe ry’abatambukanyi b’abakuru bibihugu vya Afrika mu ruganda rwo kurwanya ingwara y’umugera wa Sida.

Muriyo nama yatumganijwe n’ishirahamwe OPDAS Burundi rirongowe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA rifise umugambi wo gushika mu mwaka wa 2030 aho ata mwana azoba akivukana umugera wa Sida.

Iyo nama yabereye mu Vyegwa mu ntara ya Ngozi ikaba yitabwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Zambiya Esther Lungu,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Repuburuika ya Afrika yo hagati Tina Marguerite Touadera abagore babayobozi bakuru bakuru mu gihugu hamwe n’abandi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!