Deo Guide RUREMA :« Ku magenekerezo ya 13 na 14 Kigarama harategekanijwe urucanco rw’imbwa . »

Umushikiranganji w’ibidukikije uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA amenyeshako kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kw’igenekerezo rya 14 Kigarama umwaka wa 2018 hategekanijwe isekeza ryo gucandaga imbwa ,ubuyabu hamwe n’inguge hamwe no gufata imbwa ziyerereza zigaca zicwa.

Mu kiganiro umushikiranganji Deo Guide RUREMA yahaye abamenyeshamakuru avuga ko iryo sekeza ritegekanijwe mu ntumbero yo kwifatanya n’ibindi bihugu ko mu mwaka wa 2030 ingwara y’ibisazi vy’imbwa yoba yaranduranywe n’imizi.

Deo Guide RUREMA avuga ko ingwara y’ibisazi vy’imbwa itegwa n’ibisazi bivuye kukuribwa n’imbwa irwaye iyo ngwara ,amate yayo akorokeye ku dukomere umuntu aca ayandura kandi ata muti uvura iyo ngwara, igitungwa kiyandukizwa n’ikindi umuntu nawe akayandukizwa n’igitungwa.

Uwo mushikiranganji avuga ko mu gihugu c’Uburundi ku mwaka abantu bari hagati y’amajana ane hamwe n’amajana atanu aribo baribwa n’imbwa ariko abapfa kenshi batamenyekana kubera ukutamenya kuko bamwe bibaza ko barozwe.

Deo Guide RUREMA avuga ko gukingira imbwa ingwara kiza imbere kuko urucanco rugurwa ibihumbi 5 vy’amafaraga y’amarundi mu gihe umuti batera umuntu yariwe n’imbwa incanco 5 aterwa kugira bamuvure zitwara ibihumbi 750 y’amafaranga y’amarundi.

Uwo mushikiranganji asaba ubuyobozi bujejwe amagara y’ibitungwa hamwe n’ubujejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara gukorana n’abajejwe intwaro mu guhimiriza abanyagihugu batunze imbwa,ubuyabu hamwe n’inguge kuzijana kuzicandagisha iryo sekeza kugira rizogende neza.

Abantu bari hagati y’ibihumbi 50 na 60 mu makungu nibo ku mwaka bahitanwa n’iyo ngwara, ibice 99 kw’ijana bikaba vyibonekeza mu bihugu vyo muri Afrika ,Aziya hamwe na Amerika y’Epfo aho iyo ngwara yama ifise udusigarira.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!