Domitien : « Umugambi w’iterambere w’igihugu wa 2018-2027 n’igikoresho co kwisungwa n’inzego zose. »

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO amenyeshako umugambi w’iterambere w’igihugu wo mu mwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2027 ari igikoresho co kwisungwa n’inzego zose z’igihugu,abasanzwe bafasha Uburundi eka n’ibindi bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu.

Ivyo yabishikirije kuruno wa mbere igenekerezo rya 4 Ntwarante 2019 aho yariko asigurira abashingamateka,abakenguzamateka hamwe n’abayobozi bakuru mu biro vy’umuhuza w’abarundi ibijanye n’uwo mugambi w’iterambere ry’igihugu.

Mu gihe bitegekanywa ko uwo mugambi uzotwara amafaranga y’amarundi ashika imiriyaridi 20.364,Uwo mushikiranganji w’ikigega ca Reta avuga ko ayo mafaranga atazogorana kuronka kuko abarundi basanzwe bafise kamere ko kwitaho guteza imbere ibikorwa vy’iteramabere kandi basanzwe bamenyereye ibijanye no kurondeza uburyo.

Domitien NDIHOKUBWAYO yasavye abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka kuja gusigurira ibijanye n’uwo mugambi abanyagihugu babatoye.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!