EACBungeGames :Kenya yatsinze bikomeye igihugu ca Tanzaniya

Umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka mu mupira w’amaboko Volleyball uruhande rw’abagabo w’igihugu ca Kenya wirahiye umurwi userukira abashingamateka n’abakenguzamateka w’igihugu ca Tanzaniya mu kuwutsinda amaseti 3 kubusa bwa Tanzaniya mu rukurikirane rwa za nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko

Mu rukino rwabaye kuruno wa kabiri igenekerezo rya 4 Kigarama 2018 rwabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama umurwi userukira igihugu inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Kenya muri Volleyball watsinze biworoheye umurwi userukira igihugu ca Tanzaniya amaseti 3 wikurikiranya k’ubusa bwa Tanzaniya.

Mu rukino rwa Netball rwahuje umurwi w’igihugu ca Tanzaniya hamwe n’umurwi userukira inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko,igihugu ca Tanzaniya cacinze uyo murwi ibitsindo 87 kuri 8 w’umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Inkino zitegekanijwe igihe c’isaha icenda n’uruhuza igihugu ca Uganda n’igihugu ca Tanzaniya mu mupira w’amaguru k’uruhande rw’abagabo hamwe n’urukino rwa Volleyball ruhuza igihugu ca Kenya na Uganda uruhande rw’abagore.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!