EACBungeGames :Uburundi bwatsinze umurwi userukira EALA

Umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka mu mupira w’amaboko Volleyball uruhande rw’abagabo w’igihugu c’Uburundi Watsinze bimwe bikomeye umurwi userukira abashingamateka bo mumuryango wa Afrika y’Ubuseruko mu kuwutsinda amaseti 3 kubusa bwa EALA(East African Legislative Assembly) muri rwa rukurikirane rw’inkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Mu rukino rwabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi muri Volleyball watsinze biworoheye umurwi userukira abashingamateka ba EALA amaseti 3 wikurikiranya k’ubusa bwa EALA.

Mu rukino rwa Netball rwahuje igihugu ca Kenya hamwe n’umurwi wa EALA ,Kenya yatsinze uyo murwi ibitsindo 44 kuri 12 vy’umurwi wa EALA.

Mu rukino rw’umupira w’amaguru rwahuje igihugu ca Kenya n’umurwi wa EALA ,umurwi wa EALA watsinze igihugu ca Kenya ibitsindo 2 kuri kimwe.

Inkino zitegekanijwe kuruyu wa kane igenekerezo rya 6 Kigarama 2018 nizizohuza Uburundi na Uganda muri Netball,volleyball,football k’uruhande rw’abagabo hamwe na football hagati ya Tanzaniya n’umurwi wa EALA hamwe na Volleyball k’uruhande rw’abagore hagati y’Uburundi na Uganda hamwe no hagati ya Tanzaniya n’umurwi wa EALA.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!