EACBungeGames:Umurwi wa EALA watsinze bitoroshe igihugu ca Tanzaniya

Umurwi userukira inama nshingamateka y’ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko watsinze umurwi w’inama nshingamateka na nkenguzamateka wo mu gihugu ca Tanzaniya mu mupira w’amaboko Volleyball mu kuwutsinda amaseti 3 kw’iseti 1 ya Tanzaniya muri rwa rukurikirane rwa za nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Mu rukino rwabaye mu gatando ko kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Kigarama 2018 rwabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama umurwi userukira igihugu w’inama nshingamateka ya EALA watsinze bitaworoheye amaseti 3 kuri 1 ya Tanzaniya.

Mururwo rukino nyene rwa Volleyball,umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Uburundi k’uruhande rw’abagore watsinze umurwi userukira EALA uruhande rw’abagore nyene iseti 3 k’ubusa bw’umurwi wa EALA.

Inkino zitegekanijwe k’umutaga wo kuruyu wa gatandatu nyene mu mupira w’amaguru uruja guhuza igihugu c’Uburundi na Tanzaniya igihe c’isaha umunani hamwe n’urukino ruja guhuza igihugu ca Uganda n’umurwi wa EALA.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • Ndayichimiy Chadrac
    2018-12-21 22:03:12

    Ndaba Chimiy Kukwing Mwagiz Kugir Mwerekan Igihug Cacu Cuburund Kogikomey Gifis Abkiny Biyemer Muzokwamuk Mugir Ubuchoboz Nkumb Mwagiz Nzobasenger Kuman Ntimuzeger Mumaramar Ngo Mutsinnd Iman Ibahezagir