EALA GAMES :Igihugu ca Kenya cirahiye igihugu ca Uganda

Umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka mu mupira w’amaboko Volleyball uruhande rw’abagabo w’igihugu ca Kenya wirahiye umurwi userukira abashingamateka n’abakenguzamateka w’igihugu ca Uganda mu kuwutsinda amaseti 3 kubusa bwa Uganda muri za nkino zihuza amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afirika y’Ubuseruko.

Mu rukino rwabaye kuruno wa mbere igenekerezo rya 3 Kigarama 2018 rwabereye ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama umurwi userukira igihugu inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Kenya muri Volleyball watsinze biworoheye umurwi userukira igihugu ca Uganda ku maseti 3 wikurikiranya.

K’uruhande rw’abagore ,umurwi userukira inama nshingamateka na nkenguzamateka z’igihugu ca Uganda mu rukino rwa Volleyball watsinze umurwi userukira igihugu ca Tanzaniya mu kuwutsinda amaseti 3 kuri imwe ya Tanzaniya.

Bitegekanijwe ko ejo k’umusi wa kabiri igihugu ca Tanzaniya kizohura n’igihugu ca Kenya mu rukino rwa Volleyball uruhande rw’abagabo igihe c’isaha zitatu z’agatondo mu gihe isaha icenda z’umutaga hazokina Uganda na Kenya uruhande rw’abagore muri Volleyball.

Izindi nkino zitegekanijwe ku musi wejo n’urukino rwa Netball hagati ya Uganda na Kenya igihe c’isaha zitatu z’agatondo urundi ruzohuza Tanzania n’umurwi userukira abashingamateka ba EALA hamwe n’urukino rw’umupira w’amaguru ruzohuza igihugu ca Uganda na Kenya igihe c’isaha icenda z’umutaga.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!