Econet Leo yabateguriye utuganuke dutandukanye muri KULA KUKU YA NOELI

Mu ntumbero yo gufasha abanywanyi baryo guhimbaza umusi mukuru wa Noeli hamwe n’umwaka mushasha wimirije,ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet Leo ryatanze utuganuke kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 23 Munyonyo umwaka wa 2018 ku bantu batsinze muri tombola yiswe “Kula Kuku ya Noeli”.

Muri ico gikorwa co gutanga utwo tuganuke ku batsinze mw’ihiganwa “Kula Kuku ya Noeli” cabereye ku kibanza citiriwe « Ukwikukira » kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura aho abantu baribakubise harazima kubera ubwinshi bwab. Bakaba bari bagizwe na bamwe mu batsinze, abaje kurorera uko ubwo bushimwe butangwa hamwe n’umurwi w’abatamvyi wateramishije abantu mu gutamba no kuririmba.
Umwe mu bajejwe ivy’ubudandaji mw’ishirahamwe Econet Leo, Rhaissa MUGISHA amenyesha ko kubera ari mu mpera z’umwaka, Econet leo yiyumviriye gushiraho iyo tombola « Kula Kuku ya Noeli » mu ntumbero yo korohereza abanywanyi b’ishirahamwe rya Econet leo gusozera umwaka neza.

Raissa MUGISHA avuga ko iyi tombola yuyu mwaka wa 2018 ibaye nshasha agereranije n’izindi zahora zikorwa kuko ariyo irimwo ibintu vyinshi bariko baratanga iruhande yivyo bahora batanga nk’ama inite, ama terefone ubu hari ivyo bongeyeko ibindi nk’impene ,inkoko, umuceri kuko arivyo biyumviriye ko abanywanyi babo bashobora gukenera mu gusozera umwaka neza.

Innocent HAKIZIMANA ava muri komine NYABIRABA mu ntara ya Bujumbura ari mu batsindiye impene avuga ko ashimira ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet leo kubona yarabiyumviriyeko kugira ibaronse utuganuke mu mpera z’umwaka. Innocent HAKIZIMANA asaba abanywanyi b’ishirahamwe rya Econet leo kubandanya bashiramwo ama inite menshi mu mirongo yabo kugira nabo bashobore gutsindire ubushimwe butandukanye.

Oscar SIBOMANA ava muri komine Kabezi mu ntara ya Bujumbura ari mu batsindiye inkoko avuga ko ashima gose kubona ishirahamwe ryo gutumatumanako Econet leo ryashikije ivyo vyasezeranye ; vyerekana ko itayaga amasigaracicaro.

Tubibutseko tombola ya Kula Kuku ya Noeli yatanguye igenekerezo rya 11 Munyonyo 2018 ikaba izosozerwa kw’igenekerezo rya 31 Kigarama uyu mwaka wa 2018. Abantu barenga ibihumbi indwi akaba aribo bitezwe kuzotsindira utuganuke. Bimwe muvyo bashobora gutsindira akaba ari amaterefone, ama inite, umuceri, inkoko, impene hamwe n’amakinga.

Mu kugwiza no kurondera amahirwe yo kwinjira no gutsindira utuganuke twa KULA KUKU YA NOELI, umunywanyi ahamagariwe gushiramwo ama inite kugeza ashikiriye urugero rusabwa ku musi ku munsi, urwo rugero akaba arubona aciye kuri *123#. Umunywanyi rero ahamagarirwa gushiramwo ama inite y’ikarata, ama inite ya UZUZA canke ashizemwo ama unite akoresheje Ecocash. Gushiramwo ama inite arenga urugero rwawe rwo ku munsi, bikaba birwiza amahirwe y’umunywanyi yo gutsinda muri KULA KUKU YA NOELI.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • HAKIZIMANA
    2018-12-07 22:53:33

    Bsr ?! Umunt atsinda kumanota angah ? Ayabona gt ayo agezeko ?