Evariste NDAYISHIMIYE :“Igihe co kumenyesha uwuzoserukira CNDD FDD mu matora ntikiragera.”

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE amenyeshako igihe co kuvuga canke kwerekana uwuzoserukira uyo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2020 kitaragera igihe caco kigeze azomenyeshwa.

Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatanu igenekerezo rya 23 Kigarama 2018 aho yariko ashikiriza ivyaranguwe n’uwo mugambwe mu mwaka wa 2018.

Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko bitumvikana kubona abantu barajwe ishinga no kumenya uwuzoserukira umugambwe CNDD FDD mu gihe umwanya w’ico gikorwa utarashika bibonekako yuko hari ikintu kibi cinyegeje murico gikorwa co kwitwararika kumumenya.

Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ati :“Ntivyumvikana uwo mwitwarariko wo kumenya uwuzoserukira umugambwe wacu mu matora iyo uva mu gihe iyindi migambwe itarabashira ahabona,twibaza ko hoba hari imigambi mibi yinygeje inyuma yivyo.”

Uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga ko uwuserukira umugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu amenyekana habanje kuba ikoraniro kaminuza y’umugambwe mu gihe rero iyo koraniro kaminuza itaraba atawoguma abaza ico kibazo.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!