FFB yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 25 mu kwitegurira urukino na Gabon

Ishirahamwe rijejwe umupira mu Burundi FFB ryashize ahabona urutonde rw’abakinyi 25 batumweko n’umumenyereza w’umurwi w’intamba mu rugamba Niyungeko Alain Olivier mu ntumbero yo kwitegurira urukino ruzozihuza n’umurwi nserukiragihugu wo mu gihugu ca Gabon kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2019.

Bamwe mubari muruyo murwi ni NAHIMANA Jonathan akinira umurwi KMC wo mu gihugu ca Tanzaniya , NDIKUMANA Justin akinira umurwi wa SOFAPAKA wo muri Kenya,ARAKAZA MC Arthur akinira umurwi wa Lusaka Dynamos wo muri Zambia,NSABIYUMVA Frédéric akinira CHIPPA UTD wo muri Afrika y’Epfo , MOUSSA Omar akina mu gihugu ca Kenya,NGANDO Omar akinira mu gihugu c’Urwanda,HARERIMANA R. Léon akinira mu gihugu c’Urwanda,NSHIMIRIMANA David akinira umurwi wo mu Rwanda, NDUWARUGIRA Christophe akinira umurwi wa AMORA TB Saad wo muri Portugal,NIZIGIYIMANA A. Karim akinira Vipers FC wo mu Buganda.

Abandi bakinyi bari mu batumweko ni DUHAYINDAVYI Gael akinira mu Rwanda,BIGIRIMANA Gael akinira umurwi Hibernian wo muri Ecosse,KWIZERA Pierre,Al Oruba akinira muri Oman,PAPY Fati akinira Malanti Chiefs mu gihugu ca Swaziland , NAHIMANA Shassiri akinira AL MOJZEL muri Arabie Saoudite,MUSTAFA Francis akinira umurwi wa Gor Mahia wo muri Kenya, SHABANI Hussein akinira umurwi wa Ethiopian Coffee FC wo muri Ethiopie, AMISSI Cédric akinira muri Arabie Saoudite,BERAHINO Saido akinira umurwi wa Stoke City wo mu gihugu c’Ubwongereza,Fiston Abdoul akinira JSK wo mu gihugu ca Algérie.

Muruwo murwi w’abatumweko n’umumenyereza harimwo kandi SABUMUKAMA Enock akinira mu gihugu ca Zambia,NDIKUMANA Y. Selemani akinira muri Arabie Saoudite, AMISSI Mohamed akinira mu gihugu ca Hollande, MAVUGO Laudit akinira umurwi wa Zambia hamwe na SHAKA Bienvenue akinira umurwi wa Etoile du Sahel wo mu gihugu ca Tuniziya.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • Therence BARINAKANDI
    2019-02-28 11:54:52

    NUKURI NIVYIZA, HAMA ABARUNDI TWESE BIRAKWIYE KO DUSHIGIKIRA UMURWI WACU INTAMBA MURUGAMBA