Frederic NAHIMANA :« Abajejwe intwaro n’ibimenyeshamakuru bafise uruhara ntangere. »

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru Frederic NAHIMANA amenyeshako abajejwe intwaro hamwe n’ibimenyeshamakuru bafise uruhara ntangere mu kumenyesha ibijanye n’ivyigihugu na cane cane mu bihe vyihariye vy’ubuzima bw’igihugu.

Ivyo yabishikirije mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bujejwe kumenya amakuru n’ibimenyeshamakuru ihuza abajejwe intwaro hamwe n’abarongozi b’ibimenyeshamakuru mu ntumbero yo kurabira hamwe uko bokorana mu bijanye no gushikiriza amakuru abanyagihugu.

Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura iyo nama yatunganijwe mu ntara ya Muyinga,Frederic NAHIMANA yavuze ko abamenyeshamkuru hamwe n’abavugizi b’inzego z’igihugu bategerezwa gukarihirizwa ubwenge bagahabwa inyigisho zobafasha kuronka inkuru ku mwanya wo kandi no ku mwanya bavipfuje.

Jacques BUKURU arongoye uruganda rw’amakuru kw’iradiyo nkuru y’igihugu mu cigwa yashikirije yamenyesheje ko abantu bose bashobora gutanga amakuru ariko abayatanga bose ataruko badafise aho bahengamira .

Jacques BUKURU yavuze ati : « Umuvugizi akorera inyungu zabo avugira nk’ishirahamwe canke ihinguriro ariko umumenyeshamakuru akorera abantu bose . »

Jacques BUKURU yavuze ko yaba umuvigizi canke umumenyeshamakuru bose ivyo bashikiriza vyuzuzanya.

Mathieu KAMWENUBUSA yashikirije icigwa ca kabiri yavuze ko hakwiye imigenderanire myiza hagati y’abajejwe intwaro hamwe n’abamenyeshamakuru kuko bose bafise ico mu buzima bw’igihugu kandi bose bahurira k’umunyagihugu kuko ariwe bakorera.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!