Gabon : Reta ivuga ko abashatse gutembagaza ubutegetsi bafashwe

Abajejwe intwaro mu gihugu ca Gabon biciye ku mushikiranganji ajejwe kumenyesha amakur, Guy-Bertrand Mapangou amenyeshako abasirikare bashigikiye Ali BONGO nk’umukuru w’igihugu baburijemwo igeragezwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi muri ico gihugu.

Guy-Bertrand Mapangou avuga ko abasirikare 4 bagize uruhara muruko gushaka gutembagaza ubutegetsi bafashwe, uwundi umwe nawe asigaye agira gatanu akironderwa.

Umugwi w’abasirikare mu gihugu ca Gabon wari watangaje ko wakuye ubutegetsi buhari muri ico gihugu co muri Afrika y’uburengero, banatanga n’itegeko ryo kutava mu mazu.

Umurwi w’abasirikare bakiri bato bari batangaje ko bafashe ubutegtsi ,itangazo ryabo ryaguma rica kw’iradiyo nkuru y’ico gihugu bavuga ko bakuye umukuru w’igihugu kandi abantu bose bakwiye kuguma mu mazu.
.
Abo basirikare bavuze ko bafashe iyo ngingo mu ntumbero yo kugira bagarukane intwaro rusangi kandi bashaka gushinga inama nkuru y’igihugu ijejwe gusubiza ibintu mu buryo mu gihugu.

Umukuru w’igihugu Ali BONGO yatwaye igihugu kuva mu mwaka wa 2009 asubiriye se wiwe Omari BONGO,ubu amaze amezi arenga 2 ariko avurirwa mu gihugu ca Maroc inyuma y’ingwara yamufashe ari mu rugendo mu gihugu ca Arabie Saoudite mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu 2018 aho yari mu nama ijanye n’ubutunzi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!