Ghana : Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubuvugishwa yatunganijwe

Abanyagihugu benshi bihereje amabarabara mu gihugu ca Ghana mu ntumbero yo kwiyamiriza ivyavugishijwe n’umupasiteri yitwa Owusu-Bempah aheruka kumenyesha ko uwuserukira idini rya Isiramu murico gihugu hamwe n’abanyeporitike bakomeye murico gihugu bagiye gupfa mu mwaka wa 2019.

Pasiteri Owusu-Bempah mu butumwa yatanze kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2018 buca hahibazwa umwaka wa 2019,yavuze ko uwuserukira Isiramu murico gihugu Sheikh Usman Nuhu Sharubutu,icegera ciwe Mahamudu Bawumia hamwe nuwahoze ari umukuru w’igihugu John Dramani Mahama bazohitanwa n’urupfu uyu mwaka wa 2019.

BBC ivuga ko ayo majambo yashikirije yatumye urwaruka rwinshi murico gihugu usambura zimwe mu nyubakwa zuwo mu pasiteri ziri ku murwa mukuru Accra hamwe no mu bindi bisagara vy’igihugu.

Bivugwako urwaruka rusanzwe rushigikiye uwahoze ari umukuru w’igihugu John Mahama rwashikirije ko ruzoruhuka aruko uwo mu pasiteri ashikanywe imbere y’ubutungane.

Abakuru b’amashegero atandukanye muri Ghana harimwo n’irya Isiramu basavye abayoboke babo bose mu budasa bwabo kugira ubumwe,kwihanganiranira kugira ntihagire imishwamirano yaduka.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!