Gitega-Nyarusange:Umuntu umwe yapfuye yishwe

Umuntu yitwa Charles NDAYISABA yaraye yishwe n’abagizi ba nabi mw’ijoro ryakeye buca ari kuruyu wa gatandatu igenekereo rya 9 Nzero 2019 igihe c’isaha zitatu n’inusu z’ijoro kumusozi Muzima komine Nyarusange mu ntara ya Gitega.

Amakuru dukesha ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,amenyeshako uwo yishwe yarasanzwe ari umunyeshure mu mwaka wa nyuma w’indome za none kw’ishure ryisumbuye rya Nyarusange kandi yari umunyezamu acungera antene y’ishirahamwe ryo gutumatumanako Lumitel .

Ayo makuru avuga ko abo bagizi ba nabi imbere yuko bahunga bahejeje gukora iryo bara baciye baturira ahari imoteri yatsa iyo antene babona gutungwa nayo bameze.

Bivugwako kuva ivyo bibaye hatanguye kuronderwa abo bagizi ba nabi ariko gushika ubu ata kintu na kimwe kiramenyekana amatohoza akibandanya.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!