Gitega : Umuporisi yagirizwa kwica umuntu yaciriwe urubanza

Sentare nkuru y’intara ya Gitega yaciriye igifungo c’ubuzima bwose umuporisi yitwa Dieudonne NIBITANGA yagirijwe icaha co kwica umusore azwi kw’izina rya Olivier BIMENYIMANA yaba muri karitiye ya Mushasha mu gisagara ca Gitega.

Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare Ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE avuga ko uwitwa Mediatrice IGIRANEZA ari mu bafashije uyo muporisi nawe yaciriwe umunyororo w’imyaka 20.

Ayo makuru abandanya avuga ko Dieudonne NIBITANGA hamwe na Mediatrice IGIRANEZA bategerezwa gutanga imiriyoni 15 y’amafaranga y’amarundi ku bavyeyi buyo musore yishwe.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!