Igihugu ca Afirika y’Epfo gisa nicakinjuye kwakira inkino za CAN2019

Igihugu ca Afirika y’Epfo kiri muvyipfuza kwakira igikombe co ku mugabane wa Afrika mu rukino rw’umupira w’amaguru CAN y ‘uyu mwaka wa 2019 gishobora gukinjura murico gikorwa inyuma yaho umushikiranganji ajejwe inkino avuze ko gukoresha uburyo bwa Reta mu gutegura ico gikombe reta itabikozwa.

Iri higanwa rihuza imirwi nserukirabihugu ya Afrika mu rukino rw’umupira w’amaguru ntiriraronka igihugu kizoritunganya inyuma yaho igihugu ca Cameroun cari caritunganije kuryakira itashoboye gushitsa ibisabwa ku gihugu ciyemeje kwakira izo nkino hamwe n’ibibazo vy’umutekano ico gihugu gifise.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika y’Epfo, Dr Danny Jordaan, yavuze ko inyuma yaho hafatiwe ingingo yo kwaka Cameroun gutunganya izo nkino, CAF yabasavye kwakira iryo higanwa ariko atavuganye n’abo ku rwego rw’igihugu kuko ishirahamwe arongoye itovyishoboza idafashwe mu mugongo na Reta.

Ibihugu vya Afrika y’Epfo hamwe n’igihugu ca Misiri nivyo vyahabwa amahirwe kuzokwakira izo nkino, ariko umushikiranganji w’inkino muri Afrika y’Epfo Tokozile Xasa yashikirije kw’ibijanye no gukoresha amafaranga mu gutegura iryo higanwa batabikozwa.

Iyo ngingo yatumye iha amahirwe mesnhi igihugu ca Misiri kuko ingingo ya nyuma y’ishirahamwe kubijanye n’igihugu kizokwakira izo nkino iza gutangazwa uno musi mu gihugu ca Sénégal aho hatangirwa agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza ku mugabane wa Afrika.

Igihugu cakiriye izo nkino gikoresha amafaranga angana hafi imiriyoni 10 z’amadorare y’abanyamerika.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!