Igiporisi cerekanye abantu 2 bibisha urwenge

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Ntwarante 2019,abantu babiri bagirizwa kwiba abanyagihugu bakoresheje amayeri babicishije ku materefone mu gukoresha ubuhinga ngurukana bumenyi bwa none .

Umuvugizi w’ubushikirangnji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko abo bagabo babiri ari Gerard BURAGENDANWA hamwe na Erisha Nziza NGABO bakaba bafashwe kw’igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2019 bariko bagerageza kwiba umuntu yitwa Jean Claude BIKORIMANA yari yavuye muri Malawi inyuma yo kumuhenda ko bokorana urudandazwa rw’inzahabu babanje kwiyitirira izina ry’umukuru w’umugambwe CNDD FDD.

Pierre NKURIKIYE avuga ko uwo yaravuye muri Malawi amaze kubona ko abo bantu bibisha urwenge yaciye abimenyesha abajejwe umutekano babona gufatwa muriyo nzira.

Uwo avugira ubwo bushikiranganji atera akamo abantu bose kumenya ko abantu biba bakoresheje imbuga ngurukana bumenyi bakiha amazina canke bagakoresha amafoto y’indongozi zimwe zimwe z’igihugu ari abasuma kuko abarongozi b’igihugu bafise ico bashaka gukora babicisha mu nzira zizwi n’amategeko.

Pierre NKURIKIYE avuga kw’amatohoza yimbitse agiye kubandanya akorwa kurabo bantu bose biba baciye murizo nzira kugira bazofatwe.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!