Ikigo API kivuga ko mu mwaka wa 2018 habaye akarusho kanini mu gushinga amashirahamwe

Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API(Agence des Promotions des Investisseurs) kimenyeshako mu mwaka wa 2018 habaye akarusho kubijanye no gushinga amashirahamwe kuko murico kiringo hashinzwe ayangana ibihumbi 3430 aho ategekanya gutanga ubuzi bungana ibihumbi 23902.

Mu kiganiro umuyobozi mukuru w’ikigo API yahaye abamenyeshamakuru Leonard SENTORE yavuze ko akarusho k’amashirahamwe yashinzwe uyu mwaka wa 2018 kiyongereye ku bice 49,84 kw’ijana ugereranije n’umwaka wa 2017 ivyo bikaba vyatumwe n’uko habaye ishingwa ry’amakoperative menshi cane.

Leonard SENTORE atwara ikigo API yavuze ko Uburundi bwaronse ikibanza ca 17 mu bijanye no gushinga imitahe ku bihugu 190 ku cegeranyo c’ibanki y’isi citwa (Rapport Doing Business) mu gihe mu mwaka wa 2018 cari caronse ikibanza ca 42.

Uwo arongoye ikigo API avuga kandi ko ico kibanza Uburundi buheruka kuronka bugishira mu kibanza ca mbere mu bihugu vyo musi n’amajepfo ya Sahara hamwe no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Kubijanye n’igituma Uburundi bwaronse ico kibanza ciza ariko kikaguma giharurwa mu bihugu bikenye cane, Leonard SENTORE avuga ati :« Kugira ikibanza ciza kubijanye no gushinga amashirahamwe ntibisigura ko ibibazo vyose bihanze igihugu bica bitorerwa umuti,kugira igihugu citwe ko giteye imbere hasabwa ibintu vyinshi,twebwe ico dukora nugufasha buri muntu guterera kugira igihugu cisununure. »


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!