Imitahe mpuzamakungu yo gufata abantu 17 bikekwa mw’igandagurwa rya Melchior NDADAYE yasohowe

Ushikirizamanza mukuru wa Repuburika Sylvestre NYANDWI amenyeshako hasohowe imitahe mpuzamakungu yo gufata abantu 17 bari mu bakekwa kugira uruhara mw’ igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE muribo hakaba harimwo uwahoze arongoye Uburundi Pierre BUYOYA hamwe n’uwahoze aricegera c’umukuru w’Uburundi Bernard BUSOKOZA.

Mu kiganiro umushikirizamanza wa repuburika yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2018,Sylvestre NYANDWI avuga ko amatohoza bafise kugeza ubu agaragaza ko abantu 17 bafise uruhara mu gutegura hamwe no mu gushira mu ngiro igandagurwa rya Melchior NDADAYE nabo akaba ari Pierre BUYOYA,Pascal SIMBANDUKU,Alfred NKURUNZIZA,Mamert SINARINZI ,Jean Bosco DARADANGWE,Bernard BUSOKOZA,Vincent NIYUNGEKO,Juvenal NZOSABA,Janvier BARIBWEGURE.

Abandi bari mu basohororewe umutahe mpuzamaungu wo kubafata ni Jean Paul KAMANA,Charles NTAKIJE,Astere GIRUKWIGOMBA,Libere BARARUNYERETSE,Luc RUKINGAMA,Charles MUKASI hamwe na Antoine NDUWAYO.

Uwo mushikirizamanza mukuru wa repuburika avuga kandi ko abo bantu bakwiye kubazwa uruhara bafise mw’igandagurwa ry’uwahoze arongoye Uburundi kandi kubera batari k’ubutaka bw’Uburundi arico catumye basohora imitahe mpuzamakungu kugira ibihugu barimwo bibafate vyongere bibashikirize ubutungane bw’Uburundi kugira bisigure.

Sylvestre NYANDWI asaba abanyeporitike kutahuvya amatohoza ariko arakorwa ahubwo bafashe ku matohoza ariko araba.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • Ndacayisaba Moïse
    2019-01-04 11:46:01

    Biranezereje cane kubona ubutungane buriko burakurikirana ico kirego.Ariko harashobora kuba agahaze nka hamwe hariho abatofatwa kubera ico bari,aho bari , n’ico bafise.

  • Ndayikengurukiye Mechack
    2018-12-15 16:08:24

    komera batama.Ariko nanj ndumwe mubagandaguriw mushikanj kuntwaro ya pierre.Non mwoshobora kungirira amatohoza kubamugandaguy ?

  • c
    2018-12-05 08:27:05

    Ni vyiza cane ko ubutungane bukora, ariko muribuke nabo bose bateguye ihonyabwoko, bagatemagura abantu hirya no hino mu gihugu bitwaje ngo President Ndadaye yapfuye, abaturiye abana mu Kibimba n,ahandi hose ayo mabi yakkozwe NABO MUBIBUKE MUBASOHORERE IMITAHE !

  • Busurahende
    2018-12-01 15:47:23

    Uyo mushikirizamanza ace abandanya afata n’abandi bose bakoze ama coup-d’etat inyuma y’abo muri 2015, abateze ama mines mu mabarabara, biha ibiringo binyuranye n’amategeko. Ahandi ho azoba akora ahengamiye ku bamuhaye. Ni n’aho tuzomenya ko ubutungane bw’i Burundi bugeze ku ntambwe yo kwigenga, ko butari mu kwaha kw’abategetsi.