Inama nkenguzamateka yuguruye ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Kigarama

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yuguruye kuruno wa mbere igenekerezo rya 3 Kigarama 2018 ibikorwa vyayo vy’isasa risanzwe vy’ukwezi kwa Kigarama aho integuro z’amabwirizwa 9 arizo ziri k’urutonde muzizokwigwa Reta yarungitse.

Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura ivyo bikorwa vy’isasa risanzwe ry’ukwezi kwa Kigarama,umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO yamenyesheje ko mu kiringo c’isasa risanzwe rya Kigarama bazokomeza amanama bamaze igihe baremesha mu makomine y’Uburundi hamwe no kuzobandanya bahimiriza abanyagihugu gukomeza kubungabunga amahoro n’umutekano mu gihugu.

Reverien NDIKURIYO avuga ko murico kiringo nyene mu ntumbero yo guhimiriza abigeme b’abanyeshure kugira birinde inda z’indaro bazotanga ubushimwe k’ubuyobozi 3 bw’amashure bw’intara,ubuyobozi 3 bw’amashure bw’amakomine hamwe no ku mashure 10 yakoze neza kugira igitigiri c’abigeme batwara inda kigabanuke mu mwaka w’ishure.

Uwo mukuru w’inama nkenguzamateka avuga ko ibikorwa vyo gusozera iri sasa ridasanzwe rya Kigarama buguruye uno musi bizobera mu gisagara ca Gitega mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka wa 2019.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!