Inama nshingamateka iriyamiriza amajambo yashikirijwe na Faki Mahamat MOUSSA

Inama nshingamateka y’Uburundi imenyeshako itera ivyatsi amajambo yashikirijwe n’umukuru w’umurwi w’ubumwe bw’Afrika Faki Mahamat MOUSSA kubijanye n’ikurikiranwa n’abagirizwa icaha c’igandurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE aho avuga ko ico gikorwa c’ubutungane bw’Uburundi gishobora gutuma haduka ivyotosekaza ubumwe bw’abarundi hamwe n’ibikorwa vy’umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi.

Mw’itangazo umuvugizi w’inama nshingamateka yashikirije kuruno wa gatatu igenekerezo rya 5 Kigarama 2018,Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avuga ko kubw’inama nshingamateka y’Uburundi,ubutungane buriko bubandanya ibikorwa bwari bwaratanguye kandi umurwi CVR udafise uburenganzira bwo guhagarika ibikorwa vy’inzego z’ubutungane nk’urwego rukuru rw’ubucamanza bw’igihugu,rusanzwe rushikiriza ijambo rya nyuma ku madosiye imbere y’ubutungane.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avuga kandi ko inama nshingamateka yiyamiriza ibishikirizwa ko ingingo z’ubutungane zafashwe na parake nkuru ya Repuburika zishimikiye ku mvo za poritike canke ugushaka gusamaza abanyagihugu.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avuga ko inama nshingamateka isaba abanyagihugu kudatega amatwi ivyiyumviro vya poritike bifise intumbero zitabereye ariko bagume bafatanye mu nda mu kurindira ibizoshirwa ahabona ku bagize uruhara rw’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • nkundigihugu
    2018-12-08 08:42:46

    Turashimiye inama nshingamateka yacu kw’ijambo ryiza yashikirije. Uburundi ntibuterwa ubwoba n’awariwe wese kuko n’igihe ibintu vyariko birayangara nta muntu n’umwe yaba ONU canke UA yabugarukiyeko. Abarundi ubwabo nibo bigwanyeko barikurako ibikoko vyariko birabagandagura. None rero, abo bose babazwa ubwicanyi bwa Ndadaye babibazwe. Buyoya ntabazwe gusa urupfu rwa Ndadaye, abazwe kandi abahutu yagandaguye muri Ntega na Marangra.