Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe

Indwi yahariwe umurwanyi yatangujwe kuruno wa mbere igenekerezo rya 12 Munyonyo umwaka wa 2018 mu ntara ya Bubanza,ikaba yatangujwe n’inkuka y’imisa yabereye kw’ishengero rya Gifurwe ryo muri paruwasi ya Muzinda.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Evariste NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko kwibuka abapfiriye k’urugamba ari ivyerekana urukundo n’ukubabarana babafitiye kandi ari akaryo ko kwihweza aho bavuye,aho bageze naho baja mu bijanye no gutsimbataza intwaro rusangi mu gihugu.

Evariste NDAYISHIMIYE asaba abanyagihugu kuguma bafatanye mu nda hamwe no kurwanya ubukene mu kwijukira ibikorwa bibateza imbere.

Inyuma y’imisa yatunganijwe mu ntumbero yo kwibuka abapfiriye k’urugamba ,haciye hashirwa ingori z’amashurwe ku ntatemwa z’abarwanyi ziri muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza.

Bitegekanijwe ko ibirori vy’iyo ndwi yahariwe umurwanyi bizosozerwa kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo umwaka wa 2018 muri komine Nyanza Lac mu ntara ya Makamba.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!