Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 zatsinze Tanzaniya ibitsindo bibiri ku busa

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba z’abatarenza imyaka 23 zaraye zironse amanota 3 inyuma yo gutsinda ibitsindo 2 mu rukino rwazihuje n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya « Taifa Stars » w’abatarenza imyaka 23 mu nkino zo gukuranamwo, barondera itike yo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu vy’abatarenza imyaka 23 vyo ku mugabane wa Afrika rizobera mu gihugu ca Misiri mu mwaka uza wa 2019.

Muri urwo rukino rwabereye i Bujumbura, igitsindo ca mbere c’Uburundi cinjijwe n’umukinyi Bon Fils Caleb BIMENYIMANA ku munota wa 63 w’igice ca kabiri c’urukino hatewe « penalty »,igitsindo ca kabiri naco cinjizwa na MAVUGO Cedrick ku munota wa 81 ateye umutwe.

Urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo umwaka wa 2018 i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!