Integuro y’itegeko rigenga kwinjira mu muryango ukoresha imishwara y’izuba yemejwe

Inama nshingamateka yize yongera iremeza kuruno wa kane igenekerezo rya 3 Nzero umwaka wa 2019 integuro y’itegeko yerekeye iyinjira ry’Uburundi mu muryango mpuzamakungu ukoresha imishwarara yizuba bita "Alliance solaire internationale" mu rurimi rw’Igifaransa.

Umushikirangani ajejwe ubutare,agataka hamwe n’amasoko ntanganguvu Côme MANIRAKIZA yari yitavye inama nshingamateka kugira ayisigurira imvo n’imvano y’iryo bwirizwa, yamenyesheje ko bitoroshe kuronsa umuyagankuba ibice bimwe bimwe vy’igihugu aho imihana iri kure na kure itanye ariko ubwo buryo bw’imishwarara y’izuba izofasha kugira ico kibazo murivyo bice gitorerwe umuti.

Uwo mushikiranganji yavuze ko ukwinjira muruyo muryango bifise akamaro kanini kuko igihugu c’Uburundi kiza carashikirije uwo muryango mpuzamakungu imigambi itatu kandi yemewe nko gushira amatara akoresha imishwarara y’izuba ku mabarabara,gutanga ikoreshwa ry’uwo mushwarara w’izuba mu bigwati vyo hagati mu gihugu hamwe n’umugambi ujanye no gushira ubwo buryo bukoresha imishwarara y’izuba ku nyubako za Reta,amashure hamwe n’amavuriro.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!