Inyuma y’uwahitanywe n’urusoro rw’umuporisi,igiporisi cagize ico kibivugako

Igiporisi c’Uburundi kimenyeshako umuntu anyonga ikinga yitavye Imana ahitanywe n’urusasu rw’inkoho y’umuporisi hafi ya Zone Rohero ku musi w’ejo vyavuye ku bantu bariko batera amabuye abaporisi bashaka kwaka inkoho uwo muporisiri ku nguvu urusoro ruca ruramwiyaka.

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu kubijanye n’urwo rupfu,Pierre NKURIKIYE avuga ko abaporisi bariko bakora akazi kabo ka misi yose kajanye no kubuza abagendesha amakinga gushika hagati mu gisagara,umurwi w’abantu ucuza ubatera amabuye mu gihe bariko baka ikinga uwitwa Jonas NDAYISHIMIYE ,gushika aho bashaka kwaka inkoho umuporisi bituma urusoro rumwiyaka uwo yariko yakwa ikinga acahitanwa narwo.

Pierre NKURIKIYE avuga ko muriyo mishwamirano,umuporisi yitwa Thadee NDUWIMANA yakomeretse bikomeye ,inyuma yivyo igiporisi gica gifata abari muriyo migumuko.

Uwo avugira ubwo bushukiranganji avuga kandi ko ibikorwa bibi nk’ivyo vyo gusotora abaporisi vyabaye umugenzo murino misi abantu bakwiye kubahiriza amategeko bakavavanura n’iyo ngeso kandi bakamenya ko iyo abaporisi bari ku gikorwa bahawe aba ari ku neza y’abanyagihugu.

Kubijanye n’abavuga uwo yapfuye yariko yakwa igiturire n’abaporisi,Pierre NKURIKIYE arabibeshuza aho avuga ko uwo murwi waje utera amabuye ata bintu bijanye n’ibiturire vyari kuhaba.

Pierre NKURIKIYE avuga ati :”Nta vy’igiturire vyarimwo kuko uwo murwi waje utera amabuye,nta muntu yoza atera amabuye ngo muronke umwanya wo kuvugana igiturire, abaporisi baka igiturire barafatwa n’ubu hariho abafunzwe bagirizwa ivyo,ivyejo nta giturire carimwo n’abaje bashaka gutera abaporisi. “

Uwo avugira igiporisi yavuze ko uwo muporisi yafashwe nawe nyene ubu amatohoza ariko arakorwa kugira bizoce birungikirwa ubutungane.

Uwo yapfuye azwi kw’izina rya Jonas NDAYISHIMIYE yavutse mu mwaka w’i 1988 akaba yava ahitwa i Rubamvyi muri komine Gitega mu ntara ya Gitega.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • MB.F
    2019-02-07 15:46:12

    nivyo ko igipolisi gikinga impnuka. none mugihe abashamiranye n’igipolisi atankoho bafise igipolisi kiremerewe kuzikoresha ?ntabundi buhinga bwogukinga impanuka bigishijwe bashobora gukoresha mugihe babona bigoranye kiretse kurasa amasasu yica ?nibazako hoba hari agahaze kunyigisho bahawe !