Inyuma yo kutumvikana CEDAC yaronkejwe uwuyiserukira mushasha

Inyuma yo kutumvikana hagati y’abagize ishirahamwe rihurikiyemwo abahoze k’urugamba CEDAC (Centre d’encadrement et developpement des Anciens Combattants ) ,ryatunganije inama ya bose aho haciye hashirwaho indongozi nshasha zigiye kurungora iryo shirahamwe uwitwa Isidore NIZIGIYIMANA akaba ariwe agiye kuriserukira imbere y’amategeko.

Mu matora yatunganijwe ahagarikiwe n’abaserukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu,Egide HAKIZIMANA yatowe kuba icegera c’uwuserukira imbere y’amategeko CEDAC,Josiane NSHIMIRIMANA akaba yatowe kuba umunyamabanga waryo.

Abandi batowe n’umunyakigega Claude NZEYIMANA hamwe n’umukuru w’umurwi ujejwe gukwirikirana ibikorwa vy’iryo shirahamwe Vedaste BIREGEYA.

Isidore NIZIGIYIMANA akaba ariwe agiye kuriserukira imbere y’amategeko

Mw’ijambo ryiwe Isidore NIZIGIYIMANA yashikirije ahejeje gutorwa yamenyesheje ko imigambi agiye gushira imbere ari ukugarukana abanyeshirahamwe bari batotejwe kubera uburongozi bubi hamwe no gufasha abahoze k’urugamba kugira batere imbere.

Kubijanye na Eric NIRAGIRA yahora aserukira iryo shirahamwe ,Isidore NIZIGIYIMANA yavuze ko bamuhagaritse mu kiringo c’umwaka umwe kandi bagiye kumwandikira kugira bamusabe gusubiza ibintu vyose vy’iryo shirahamwe.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!