Isekeza ryo gucandaga ingwara ya mugiga ryatanguye mu gihugu cose

Isekeza ry’igikorwa co gucandaga ingwara ya mugiga ku bantu bafise guhera umwaka 1 gushika ku myaka 29 mu gihe cose catanguye kuruno wa kabiri igenekerezo rya 4 Kigarama umwaka wa 2018 aho twaciye bavuga ko abitavye kuruno musi atari benshi cane ariko biteze ko mu misi ikurikira bazokwitaba ako kamo.

Ico gikorwa co gucandaga iyo ngwara kiriko kibera ku mavuriro yose ya reta ,ku mashengero, mu mashure,mu mabohero,mu marerero y’impfuvyi,mu mibano y’abihebeye Imana ,mu makambi y’abaporisi n’abasirikare,mu makambi y’impunzi hamwe no mu bibanza bishikiramwo impunzi n’abahunguka,ku rwego rw’igihugu ivyo bikorwa bikaba vyabereye muri komine Rutegama mu ntara ya Muramvya.

Bitegekanijwe ko ico gikorwa kizorangurirwa mu bibanza bingana ibihumbi 2.623 kikazokorwa n’abantu bangana ibihumbi 13.115 aho hitezwe gucandarwa abantu 7.898.903 mu gihugu cose,ivyo bikorwa bikazorangira kw’igenekerezo rya 13 Kigarama 2018.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!