Ishirahamwe NTABARIZA -SPDF risaba kw’ingingo yo kurekura abanyororo ija mu ngiro vuba


Ishirahamwe ryitaho agateka k’abanyororo n’imiryango yabo NTABARIZA -SPDF risaba ko ingingo yafashwe yo kurekura abanyororo bamwe bamwe mu kigongwe c’umukuru w’igihugu yoja mu ngiro.

Mu kiganiro uwuserukira iryo shirahamwe yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 3 Nzero umwaka wa 2019, Jean Marie NSHIMIRIMANA yamenyesheje ko ishirahamwe aserukira rizofasha mu kiringo c’amezi 6 mu gikorwa co gusubiza iwabo abanyororo bazoba barekuwe muvyo bazobafasha hakaba harimwo kubaba amafaranga azobashikana mu mihana yabo

Jean Marie NSHIMIRIMANA yavuze ko mw’ishirahamwe ryabo bashima iyo ngingo yafashwe na Reta y’Uburundi yo kurekura abanyororo bamwe bamwe kandi abazoba barekuwe bazobashigikira nka kurya abahungutse bafashwa kugira bashobore kwisuganya mu buzima bwabo.

Uwo aserukira iryo shirahamwe asaba ubushikiranganji bw’ubutungane gufasha vuba bimwe biboneka kugira abanyororo batezuriwe bashobore kurekurwa gutyo babone kwidegemvya


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!