Ishirahamwe PARCEM risaba ko ibimenyeshamakuru vyofatwa kumwe

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako ibimenyeshamakuru bikwiye gufatwa kumwe mu kurangura akazi kavyo kuko iyo abarangangura igikorwa kimwe badafashwe kumwe hisunzwe amategeko igihugu kidashobora gutera imbere.

Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe PARCEM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 11 Nzero 2019, Faustin NDIKUMANA avuga ko ibimenyeshamakuru bifise uruhara rukomeye mw’iterambere ry’igihugu kuko abafise ivyiyumviro bitandukanye babishikiriza biciye kurivyo,kwigisha abanyagihugu,kudoma kubitagenda neza kubwivyo bikwiye gushikikirwa vyose kugira bikore kumwe vyongere bifatwe kumwe hisunzwe amategeko abigenga.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA

Faustin NDIKUMANA asaba ibimenyeshamakuru gukora vyisunze amategeko mu kuraba ubuhinga bw’abamenyeshamakuru hamwe n’akarangamutima k’umwuga.

Uwo arongoye PARCEM asaba abanyagihugu muri rusangi gusaba ko ubwigenge bw’ibimenyeshanakuru bwokwama bwibonekeza kugira bibafashe kumenya ibikorwa mu gihugu uko biriko biragenda.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!