Itegeko rishasha rigenga umurwi CVR ryemejwe n’inama nshingamateka

Inama nshingamateka yarize yongera iremeza integuro y’itegeko rihindura itegeko rigenga umurwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi CVR (Comission Verite et Reconciliation) aho uyo murwi uzotohoza ukuri ufatiye kuva kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 1885 mu gihe kare wakora ibikorwa vyawo uhereye kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962.

Bimwe muvya hindutse muriryo tegeko rigiye kugenga umurwi CVR n’igitigiri cabawugize aho ubu bagiye kuba 13 mu gihe wahora ugizwe n’abantu 11 ubu ,kuzotanga icegeranyo buri mwaka mu gihe kare bahora ugitanga uhejeje ibikorwa.

Bamwe mu bashingamateka basavye ko ibikorwa vyuwo murwi vyoshika n’inyuma y’umwaka wa 2008,umushikiranganji w’ubutungane yari yitavye inama nshingamateka gusigura imvo n’imvano y’iryo tegeko yishuye ko inyuma y’umwaka wa 2008 inzego zose mu gihugu zariho kandi zakora neza.

Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko abakorewe amabi murico kiringo c’inyuma ya 2008 bokwitura ubutungane buhari.

Kurico kibazo nyene umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko uyo murwi ukoreye no mu kiringo c’inyuma ya 2008 vyobonekako igihugu cari mu ntambara.

Iryo tegeko ryemejwe n’abashingamateka 98 babiri nabo bararihakana.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!