Manchester United : Jose Mourinho yirukanywe

Umumenyereza w’umurwi wa Manchester United wo mu gihugu c’Ubwongereza,Jose MOURINHO yirukanywe murayo mabanga inyuma yaho uyo murwi utsinzwe n’umurwi wa Liverpool k’umusi w’Imana uheze.

Mu majambo yashikirijwe n’abakuru buyo murwi bavuze ko bashimira cane umumenyereza Jose Mourinho ku kazi yakoze mu misi yaramaze amenyereza uyo murwi kandi bamwipfurije kuroranirwa muvyo azojamwo.

Jose Mourinho w’imyaka 55 asanzwe ava mu gihugu ca Portugal akaba amaze kumenyereza imirwi itari mike harimwo umurwi wa Chelsea wo mu gihugu c’Ubwongereza akaba amaze kumenyereza n’iyindi mirwi yo mu bihugu vya Portugal,Ubutariyano hamwe no mu gihugu ca Espagne.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • sylvere niyungeko
    2018-12-21 21:16:19

    ALL THINGS HAD U DONE SHOWS U THAT U A FAMOUS !,SO TAKE A PAUSE,AND GIVE WITHOUT TO SHOW A GOOD MANER WHERE WILL BE ALL TIMES.THANK U.