Kanyosha : Umuporisi yagirizwa kwica umugore wiwe yafashwe

Umuporisi yitwa Prime NDUWIMANA aba muri karitiye ya kajiji, zone kanyosha, commune Muha mu gisagara ca Bujumbura yishe umugore wiwe amurashe mw’ijoro buca ari kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 5 Kigarama 2018

Amakuru dukesha umuvgizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako umwana w’uyo muporisi w’amezi 8 nawe nyene yakomerekejwe n’urusasu ubu ariko aravurirwa ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe MSF vyo mu Kigobe..

Ayo makuru abandanya avuga ko uyo muporisi yafatiwe mu Ruziba acarungikwa mu giporisi c’inyamiramabi kugira akorerwe idosiye kandi inkoho yo mu bwoko bwa pistolet yakoresheje yafashwe.

Bivugwako ikiziga c’uyo mugore ubu kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe umuganwa Regent Charles kandi amatohoza aza yatanguye kugira hamenyekane icatumye iryo bara rirwa.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • BUSURAHENDE
    2018-12-06 12:41:23

    Ati urucanco rw’imbwa ? Zimwe zigisibije zica indarukazi n’ibibunda vyazo ?

  • BUSURAHENDE
    2018-12-06 06:48:27

    Uwo rero ngo ni umupolisi w’umu officier ? Ari muri bamwe bapfa kwambika amapete ata na hamwe bavyigiye. Imbuto uteye niyo imera. Wosigura gute umupolisi afata umugore wiwe n’umwana agasasika ? Hari akantu abo ataco bapfana ngira yarabamaze !