League des champions : Uko imirwi izohura mu gice c’umunani gishira icanyuma vyashizwe ahabona

Urutonde rw’uko imirwi izohura mu gice c’umunani gishira icanyuma mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere k’umugabane wa Buraya “League des champions” rwasohotse aho umurwi wa Manchester United uzohura n’umurwi wa Paris Saint Germain,umurwi wa Schalke nawo uhure n’umurwi wa Manchester City.

Ku rurwo rutonde umurwi wa Atletico Madrid uzohura na Juventus wo mu Butariyano,umurwi wa Tottenham uhure na Borussia Dortmund wo mu Budagi naho umurwi wa Lyon nawo uzohura n’umurwi wa Barcelone wo mu gihugu ca Espagne.

Umurwi wa AC Roma wo mu Butariyano uzohura n’umurwi wa Porto wo muri Portugal,umurwi wa Ajax Amsterdam wo mu gihugu ca Hollande uhure n’umurwi wa Real Madrid wo muri Espagne mu gihe umurwi wa Liverpool wo mu Bwongereza uzohura n’umurwi wa Bayern Munich wo mu Budagi.

Bitegekanijwe ko inkino za mbere zitangura zizoba ku magenekerezo ya 12,13 ,19 na 20 ukwezi kwa Ruhuhuma 2019,inkino zo gusubiriza nazo zibe ku magenekerezo ya 5,6 12 na 13 ukwezi kwa Ntwarante umwaka wa 2019.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!