Mairie-Buterere : Umuntu umwe yatowe ikiziga mu nzu yiwe

Uwitwa Audrine NTIRAMPEBA yasanzwe yiciwe mu nzu iwe muri karitiye ya Buterere 2B kw’ibarabara rya mbere inomero 19 bikavugwako yiciwe mu nzu yarapanze.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko ikiziga cuwo Audrine NTIRAMPEBA bagize mu cumba araramwo kiri ku gitanda afise ibikomere mw’izosi no ku maboko.

Ayo makuru abandanya avuga kandi ko uwitwa Pacifique BAKANIBONA barikumwe nuwo Audrine gushika igihe c’isaha icenda z’ijoro z’ubuca yafashwe.

Bivugwa ko Audrine NTIRAMPEBA yarafise imyaka 24 yabana n’umwana wiwe w’imyaka 4 akaba kandi yakora umwuga wo kudandaza umubiri.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!