Makamba : Abagirizwa urupfu rw’umudandaza baciriwe urubanza

Sentare nkuru y’intara ya Makamba yaciriye gufungwa ubuzima bwose abantu 5 bagirizwa urupfu rw’umudandaza Emile NTAHIRAJA w’imyaka 34 yishwe hakoreshejwe ikigwanisho gicira umuriro kw’igenekerezo rya 3 Nzero 2019 ku musozi Jimbi ahitwa Gifumbe muri komine Kibago.

Abaciriwe gufungwa ubuzima bwabo bwose ni Eric HAVYARIMANA w’imyaka 32 batazira MACARI wo k’umusozi KIRARE komine ya Makamba, Lévis NDUWIMANA w’imyaka 30 batazira Sedechias, Jean Marie NIYONCUTI w’imyaka 29 batazira NYONI , Bonaventure KABURA w’imyaka 28 batazira Jeyijeyi hamwe na Egide NDUWUMUKAMA w’imyaka 35 ava ku musozi JIMBI,muri komine KIBAGO.

Uwitwa Evariste KATIHABWA w’imyaka 39 ava ku musozi MURAMBI muri komine KIBAGO,yari mu bagirizwa muriyo dosiye yejejwe mu gihe uwitwa pascal NSENGIYAREMYE w’imyaka 43 wo ku musozi MBIZI muri komine ya KIBAGO nyene yaciriwe gufungwa amezi 6 hamwe n’ihadabu y’amafaranga ibihumbi 100 yagirijwe gusura ibinyoma.

Iyo sentare nkuru y’intara ya Makamba yaciriye ihadabu y’imiriyoni ibihumbi 50 abo baciriwe gufungwa ubuzima bwose umwumwe akazotanga imiriyoni 10 ku muryango wabuze.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • Ndayisenga Jean Marie
    2019-01-18 20:51:11

    Nukur Bahan Kuk Impen Baz Bazimaz.Sentare Nziz Ya Makamba Ndayishimiy Kand Ndashimiy Imbonerakur Zakoz Ibikorink.