Mali : Abantu 37 bapfuye mu gitero

Abantu 37 nibo bapfuye inyuma y’igitero cagabwe n’abantu bambaye impuzu kavukire z’abahigi ku mugoroba wo kumusi mukuru w’umwaka mushasha igenekerezo rya 1 Nzero 2019 ahitwa Peul muri komine ya Koulogon Habému ntara ya Mopti hagati mu gihugu ca Mali.

Reta y’igihugu ca Mali imenyeshako abantu bambaye impuzu kavukire zimeze nkiz’abahigi bita « dozos »aho muri Mali bagavye igitero bica abantu babanyagihugu 37 harimwo n’abandi bakomeretse hamwe n’inzu zaturiwe.

Jeune Afrique ivuga ko umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu ca Mali, Soumeylou Boubeye Maïga yavuze ko abakoze ico gitero bagiye kuroderwa kandi bazohanwa hisunzwe amategeko aca asaba abantu baba murico gice gutekana.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyeshako mu mwaka uheze wa 2018 , abanyagihugu bangana 500 aribo bapfuye mu gihugu ca Mali bahitanywe n’ingwano zikunda kuba hagati y’abarimyi n’aborozi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!