Marc MANIRAKIZA yahora arongoye umurwi wa Messager Ngozi ntakiri murayo mabanga

Uwahora arongoye umurwi wa Messager Ngozi Marc MANIRAKIZA batazira Pochen ntakiri murayo mabanga inyuma yaho yanditse ikete asaba guhagarika ibikorwa vyiwe.

Amakuru atangwa na Académie Le Messager FC k’urubuga rwayo rwa facebook amenyeshako Marc MANIRAKIZA abicishije mw’ikete yandikiye uwurongoye uyo murwi yamenyesheje ko ahagaritse amabanga yo kurongora umurwi Messager Ngozi.

Académie Le Messager FC ibandanya ivuga ko Marc MANIRAKIZA yatanze imvo zabitumye kandi bitatumye ibikorwa bihagarara muruyo murwi ariko bibandanya nkuko vyahora.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!